Ibihumbi $300 kuwuzofasha gutora abana banyurujwe

  • 7 Ukw’indwi 2014
Imiryango yatwawe abana iri mu marira
Imiryango yatwawe abana iri mu marira

Igipolisi muri Nigeria kivuga ko kizoha amahera ibihumbi amajana atatu vy'amadollar uwo wese azofasha kwerekana no gutabara abana banyurujwe na Boko Haram

Abana b'abakobwa barenga amajana abiri banyurujwe mu kwezi guheze bakuwe kw'ishure ryabo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Abandi bana cumi n'umwe bakuwe mu bindi bigwati biri muri ako karere nyene kuwa Mungu, batwarwa n'abantu bitwaje ibirwanisho.

Ubwongereza hamwe na leta zunze ubumwe za Amerika vyarungitse imigwi y'abahinga muri Nigeria gufasha kubarondera.

Boko Haram ibandanya gutikiza inganda

Hagati aho abantu bashika amajana vyibazwa ko biciwe mu gitero mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, bicwa n'abantu vyibazwa ko ari abo mu mugwi wa ki Islam, Boko Haram.

Umukenguzamateka waho, Ahmed Zanna, yabariye BBC ko abantu bashika ku majana atatu bishwe n'abarwanyi ba ki Islam bateye umuji wa Gambory Ngala, hafi y'urubibe n'igihugu ca Cameroun ku munsi wa mbere.

Umwe mu bahatuye yabwiye BBC igitigiri kiruta ngaho, avuga ko abantu bashika ku majana atanu bapfuye.

Yavuze ko abahatuye batanguye gupfuba ababo mu mva rusangi kuwa Kabiri, kababa gushika ubu barikiro barapfuba.