Imirwano ikomeye irabandanya i Bentiu

  • 5 Ukw’indwi 2014
Umusirikare wa leta ya Sudani y'epfo mu gikorwa c'irondo
Umusirikare wa leta ya Sudani y'epfo mu gikorwa c'irondo

Imirwano ikomeye irabandanya mu muji wa Bentiu uri mu minwe y'abarwanya leta ya Sudani y'epfo

Umunyamakuru wa BBC ari ku kigo ca ONU kiri hanze ya Benuti avuga ko hakoreshwa ibirwanisho biremereye.

Ngo abasirikare ba leta bariko baragerageza kugarukana uwo muji basubijwe inyuma n'abarwanyi.

Yavuze ko ibiziga vy'abantu birambaraye hanze y'ikigo ca ONU nyuma y'imirwano hagati y'abitwaje ibirwanisho n'abasirikare ba leta.

Bentiu ni umuji ufise ubutunzi bwinshi bw'ibitoro, ukaba waragiye ufatwa wongera ubohozwa inshuro nyinshi kuva aho intambara itanguriye muri Sudani y'epfo mu kwezi kw'icumi na kabiri kw'umwaka uheze.