Abavugira abana banyurujwe bafashwe

Abasaba irekurwa ry'abana banyurujwe muri Nigeria
Abasaba irekurwa ry'abana banyurujwe muri Nigeria

Abantu babiri baserukiye abari mu myigaragamvyo yo gusaba irekurwa ry'abana b'abakobwa banyurujwe muri Nigeria, bafashwe

Abo bana barenga amajana ababiri bamaze indwi zishika kuri zitatu banyurujwe n'umugwi vy'ibazwa ko ari Boko Haram, ubakuye kw'ishure ryabo mu ntara ya Borno.

Abafashwe ni abagore babiri, Naomi Mutah na Saratu Ndirpaya, bakaba bari mu nama yahamagajwe n'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu, Patience Jonathan, baca bajanwa ku biro vy'igipolisi.

Saratu Ndirpaya yarekuwe nk'uko bivugwa n'igipolisi, ariko hari amakuru avuga ko Naomi Mutah agifunzwe.

Abo bagore bava mu karere kamwe n'abana nanyurujwe.

Hagati aho umugwi wa ki Islam, Boko Haram, wemeje ko ariwo wanyuruje aho bana.