BBC navigation

2 gusa nibo bahamwe mu rubanza rwa Minova

Ibiherutse kuvugururwa: 5 ukwa gatanu, 2014 - 18:27 GMT
Umusirikare wa leta ya Kongo i Minova

Umusirikare wa leta ya Kongo i Minova

Imiryango y'abasambanijwe ku nguvu muri Kongo yababajwe n'uko urubanza rw'abahohoteye ababo rwahamije icaha abasirikare babiri gusa

Abasirikare mirongo itatu n'icenda ba leta ya republika iharanira demokrasi ya Kongo, bagirijwe gusambanya ku nguvu hamwe n'ivyaha vyo mu ntambara mu muji wa Minova uri mu buseruko bw'igihugu.

Muri ico gihe, abasirikare ba leta bariko barahunga imirwano mu muji wa Goma, umaze gufatwa n'abarwanyi ba M23.

Umushingwamanza w'ubushinjacaha yavuze ko guhamwa n'icaha kw'abasiriakare babiri gusa ari igitutsi ku bagore barenga ijana basambanijwe ku nguvu bakabivuga.

Yavuze ko bizoca bituma abantu boserutse, baca bacika intege bakabireka.

Abasirikare cumi na batatu bagizwe abera, abandi nabo bahamwa n'ivyaha bito bito nko gusahura.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.