OMS: Isi yugarijwe n'indwara zisanzwe zikira

  • 30 Ukwa kane 2014
OMS ivuga ko gukoresha nabi imiti bituma abarwayi batarangiza imiti bandikiwe

OMS iragabisha ko isi igiye kwinjira mu bihe bishasha bikomeye vyo kwicwa n'indwara zari zisanzwe zivugwa zigakira.

Mu cegeranyo c'iryo shirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y'abantu ca mbere ku bijanye no gutituka kw'imiti ya antibiotiques, OMS iravuga ko ingwara zituruka ku dukoko tutagaragarira ijisho nk' utwo mu bwoko bwa bacteries, zizoba ikibazo, aho usanga dushobora kwiyoberanya, tukihisha iyo miti, n'ubwo yoba ikomeye cane.

Gukoresha kenshi antibiotiques, ndetse no kuyikoresha nabi, aho usanga abarwayi batarangiza imiti bandikiwe, ngo biri mu bizotuma itituka imbere y'igihe.

Igikwiye ubu ngo n'ugukora izindi antibiotiques vyihutirwa, hagashirwaho n'uburyo bwo gukurikirana ingene zikoreshwa.