Uburusiya bushavuriye Ukraine

  • 13 Ukwa kane 2014
Abasirikare ba Ukraine
Abasirikare ba Ukraine

Uburusiya bwiyamirije ingingo ya Ukraine yo kurungika abasirikare mu buseruko bwa Ukraine

Ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe imigenderanire buvuga ko leta ya Ukraine yatanguje intambara ku banyagihugu bayo.

Ubwo bushikiranganji bwasavye ibuhugu vya Burayaba kubwira inshuti yabwo, leta ya Ukraine, kwigumya.

Kare leta zunze umwe za Amerika zavuze ko zizongereza ibihano ku Burusiya, zibwagiriza gukwega imvururu mu buseruka bwa Ukraine.

Uwuserukiye Amerika mu muryango mpuzamakungu ONU, Samantha Power, yavuze ko ibiriko birabera mu buseruko bwa Ukraine, bigaragara ko Uburusiya bubiri inyuma.