Arsenal mu canyuma ca FA Cup

  • 12 Ukwa kane 2014
Per Mertersacker yinjiza ica Arsenal
Per Mertersacker yinjiza ica Arsenal

Arsenal yatsinze Wigan bigoranye ija mu rukino rwa nyuma rw'igikombe FA co mu Bwongereza.

Uwo mugwi wo mu buraruko bw'igisagara ca Londres, wizera guheraheza ibisa n'umuvumo w'imyaka icenda ata gikombe utwara kandi uri mu yikomeye mu Bwongereza.

Penalty ya Jordi Gomez yashize Wigan mu nzira yo gushika mu rundi rukino rwa nyuma, mugihe ariyo ifise igikombe ca FA giheruka.

Ariko Per Mertersacker yaciye yinjiza ica Arsenal agumiza umugwi wiwe mu cizere c'igikombe ca mbere kuva mu 2005.

Iyo migwi yombi yahejeje urukino atawushoboye gutsinda uwundi, bagiye mu ma penalty, umunyegolu wa Arsenal, Lukasz Fabianski, afata zibiri za mbere za Wigan.

Wigan yinjije penalty zibiri gusa, ariko Arsenal yabashije gutera neza cane penalty zine, ica itahukana intsinzi.

Ubu Arsenal irindiriye iyizotsinda hagati ya Hull City na Sheffield United mu rukino rw'ejo kuwa Mungu.