Ba ashigikiye ab'imbere ba Chelsea

  • 9 Ukwa kane 2014
Demba Ba wa Chelsea
Demba Ba wa Chelsea

Intwari ya Chelsea mu ca kane ca Champions league, Demba Ba, ashigikiye abakinyi b'imbere ba Chelsea nyuma yo gutungwa urutoke n'umumenyereza Mourinho.

Ba yinjiye asimbuye uwundi, yinjije igitsindo ca kabiri ca Chelsea muri 2-0 yatsunze Paris St-Germain, umugwi afana, aca ahesha Chelsea ikibanza mu ca kabiri c'ihiganwa.

Mourinho yaridoze avuga ko ata barutahizamu beza afise mu rukino rwa mbere, aca akinisha imbere umukinyi wo mu mpande, Andre Schurrle, ariko uyu nyene niwe yinjije ica mbere ca Chelsea ejo.

Ba yagize ati: "Dufise abakinyi b'imbere batatu beza kandi nibaza ko imigwi myinshi yoshima kugira umwe muri twebwe."

Paris St-Germain yaje i Londre mu rukino rwo kwishura yizeye kubandanya nyuma yo gutsinda Chelsea bitatu kuri kimwe i Paris mu rukino rwa mbere.

Mu rundi rukino rw'ica kane ca Champions League rw'ejo kuwa Kabiri, Real Madrid yatsinzwe na Dortmund 2-0, ariko irabandanya kuko mu rukino rwa mbere yari yatsinze 3-0.