Imiryango y'abari muri MH370 yagendeye Maleziya

  • 30 Ukwa gatatu 2014
Abashinwa bo mu miryango y'abari mu ndege MH370.

Abo bantu bo mu miryango y'abari mur'iyo ndege, bari bitwaje icapa gisaba ibimenyetso bigaragaza ukuri ku coba carashikiye iyo ndege.

Bifuza kandi ko leta ya Maleziya yosaba imbabazi ku vyo yari yatangaje, yemeza ko iyo ndege yaguye mw'ibahari Indiyano, ariko bakaba ata bisigarira vyayo biratorwa.

Ikindi kandi kitabanezereje, ngo n'uko leta ya Maleziya yatevye gutanga amakuru kur'iyo ndege.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko abo Bashinwa bashitse muri Maleziya bashavuye cane, ku buryo baguma barinzwe kugira ntihaduke ubushamirane.