Turkiya yarashe indege ya Syria

Recep Tayyip Erdogan, umushikiranganji wa mbere wa Turkiya

Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya yatangarije iraswa ry'iyo ndege mw'ikoraniro ryo kwamamaza amatora yo ku nzego z'intango.

Recep Tayyip Erdogan yagabishije leta ya Ankara ko hamwe hongeye kuba igikorwa nk'ico co kwinjirira Turkiya, izokwivuna yivuye inyuma.

Leta ya Syria yavuze ko ako ari agasotorano, ko iyo ndege yayo yari mu kirere ca Syria.

Si ubwa mbere Turkiya irasira indege ya Syria ku mupaka.

Mu mwaka uheze yararashe iyindi kajugujugu ya gisirikare ya Syria.

Iraswa ry'iyo ndege riheruka, ryabaye ku gace leta ya Syria iriko irwaniramwo n'umwe mu mirwi iyirwanya ushaka kuhigarurira.