Itumanako ryarahagaritswe mu ndege ya Maleziya

  • 15 Ukwa gatatu 2014
Umushikiranganji wa mbere wa Maleziya, Najib Razak
Umushikiranganji wa mbere wa Maleziya, Najib Razak

Umushikiranganji wa mbere wa Maleziya, Najib Razak, yavuze ko uburyo bw'itumanako mu ndege imaze indwi yaraburiwe irengero, bwahagaritswe n'ibigira nkana.

Iyo ndege yaburiwe irengero imaze isaha imwe ifashe ikirere, itwaye abantu 239.

Bwana Razak yavuze ko ihagarikwa ry'ivyuma vy'itumanako muri iyo ndege, vyagizwe n'umuntu yari ayirimwo.

Igipolisi ca Maleziya casatse inzu y'umwe mu badereva bahagurukanye iyo ndege.

Bwana Razak yavuze ko ukwihweza kw'amakuru ahari guheruka, kwerekana ko iyo ndege yagurutse amasaha ashika indwi nyuma y'aho itumanako rihagarikiwe.

Hagati aho Ubushinwa bwavuze ko Maleziya ikeneye gusaba ibindi bihugu bikayifasha kurondera iyo ndege.

Leta y'Ubushinwa kandi yasavye Maleziya kubandanya itanga ico yise "amakuru atomoye kandi nyayo".

Kuri ubu amato abiri y'ingwano y'Ubushinwa ari munzira yerekeza ibahari Indiana.