BBC navigation

Christian Aid ivuga ko i Katanga bimeze nabi

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa gatatu, 2014 - 13:02 GMT
Abasirikare ba Kongo bahanganye n'imigwi y'abarwanyi muri Katanga

Abasirikare ba Kongo mu ntambara i Goma

Ishirahamwe ry'abagiraneza, Christian Aid, rivuga ko imirwano mu bumanuko bwa republika iharanira demokrasi ya Kongo, yatumye akarere kageramirwa.

Iryo shirahamwe rivuga ko abantu barenga ibihumbi amajana ane bateshejwe izabo, ica gatatu cabo bakaba bagizwe n'abana bari munsi y'imyaka cumi n'ine.

Christian Aid ivuga ko ibigwati bitandatu vyaturiwe mu mezi atandatu aheze, mu ciswe "inyabutatu y'urupfu" mu ntara ya Katanga.

Abasirikare ba leta bariko bararwanya imigwi yitwaje ibirwanisho muri iyo ntara, imwe muri iyo migwi ikaba iharanira kwiyonkora.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.