Abaharanira agateka k'aba Gay muri Uganda bituye sentare

  • 11 Ukwa gatatu 2014
Uwuharanira agateka k'aba gay bo muri Uganda
Uwuharanira agateka k'aba gay bo muri Uganda

Abaharanira agateka k'abaryamana n'abo basangiye igitsina canke aba Gay, abashingwamanza hamwe n'abanye politike, bituye sentare muri Uganda biyamiriza itegeke rihana aba Gay.

Bavuga ko iryo tegeko riciye kubiri n'ibwirizwa shingiro rya Uganda, risanzwe ritemera kuvangura no guhonyora ku burenganzira bwo gushikiriza iciyumviro.

Iryo tegeko ryashizweko igikumu n'umukuru w'igihugu Museveni mu kwezi guheze, ryiyamirijwe n'amakungu.

Umukuru w'igihugu Obama yavuze ko risubije inyuma Uganda mu ntambwe yari imaze gutera, ibihugu vyinshi bisanzwe bifasha Uganda navyo bica bivuga ko bigiye guhagarika imfashanyo.