BBC navigation

Ababa mu Gatumba ntibagira ayo bacira n'ayo bamira

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa gatatu, 2014 - 16:10 GMT
Umugabo ahagaze yumujwe n'ivyabe mu Gatumba

Umugabo ahagaze yumujwe n'ivyabe mu Gatumba

Mu Burundi imvura ivanze n’igihuhusi yaraye isambuye amazu 400 muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura rurale, inakomeretsa abantu 8.

Ivyasambutse bigizwe n'amazu y'abanyagihugu, amashure hamwe n'amasengero.

Abateshejwe izabo batse indaro mu babanyi, leta n’umuryango utabara imbabare croix rouge bakaba bamaze kumenyesha ko biteguye kugarukira kubahuye nivyo vyago.

Muri iyo ntumbero, abakomeretse bariko baravurwa ku buntu.

Aho BBC yashika muri zone gatumba abaraye bahuye n’ivyago vy’imvura bariko baregeranya ibisigarira vy’ivyavuye ku mazu yabo.

Ikibazo co gufasha abahuye n'ivyago

Umuyobozi w’indero muri komine Mutimbusi, Ndikumana Rose, avuga ko ikibazo c’ibikoresho vyononekaye n’ibibanza vyo kwigiramwo bigiye kubagora.

Ntakiyica Salvator, ajejwe igisata co gufasha abahuye n’impanuka mu bushikiranganji bwo gushigikirana, avuga ko uburyo bwo gufasha buhari, barindiriye gusa igitigiri c’abakeneye imfashanyo.

Mu kwezi guheze, imvura y’isegenya yarabiciye biracika mu makomine ari mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, abantu barenga 70 barahasiga ubuzima, abandi barenga ibihumbi 15 begeranirizwa mu makambi y’agateganyo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.