Ukraine: Uburusiya ''bwigaruriye ibibuga vy'indege''

  • 28 Ukwa kabiri 2014
ingabo z'Uburusiya
Ingabo z'uburusiya zugaye inzira ija ku kibuga c'indege ku Kiyaga Cirabura

Ukraine yagirije Uburusiya kuba bwateye ico gihugu mu kurungika ingabo zo mu mazi kwifatira ikibuga c'indege ca Sevastopol mu ntara ya Crimee.

Ingabo z'Uburusiya zo mu mazi ku Kiyaga Cirabura zirahakana kuba zazibiye ico kibuga.

Ikindi kibuga c'indege ca Crimee,Simeferopol, naco nyene cifatiwe n'abantu bitwaje ibigwanisho, vyibazwa ko ari imigwi ishigikiye Uburusiya.

Imigenderanire hagati y'ivyo bihugu bibiri yarunyutse kuva Viktor Yanukovych avanywe ku butegetsi n'inama nshingamateka ku ndwi iheze.

Sevastopol ubundi kw'izina n'ikibuga mpuzamakungu ariko indege zisanzwe zarahagaze kuhashikira haraheze imyaka mike, ubu kikaba cegukira ubushikiranganji bwa Ukraine bujejwe kwivuna abansi.

Ntaco vyokwica rero hamwe abasirikare boba bacungereye ikibanza ca gisirikare ariko gusa n'ukumenya abategetse abo ari bo.

Inama nshingamateka y'intara irateranye, ariko isangiye aho ikorera n'umugwi uteye bwa gisirikare, kandi n'ikibuga ca Simferopol kirakingiwe.

Ministre wa Ukraine ajejwe intwaroi yo hagatin we nta nkeka afise mu kumenya iyo migwi iyari yo nk'uko yavyanditse ku rubuga rwiwe rwa facebook.

Avuga ko igendera ku mategeko y'Uburusiya, ivyo akabona ko ari ugufata igihugu ku nguvu.

hagati aho uwahora ari umukuru wa Ukraine Viktor Yanukovych vyitezwe ko ahava aha ikiganiro abamenyeshamakuru mu gisagara ca

Rostov-on-Don, hafi y'urubibe rwa Ukraine.