CAR: Indege ya mbere yagemuye ibiribwa

  • 12 Ukwa kabiri 2014
Imfashanyo z'ibiribwa zagejejwe ku baturage ba Bangui

Ikigo cy'umuryango w'abibumbye gishinzwe ibiribwa, WFP, cyavuze ko indege ya mbere itwaye imfashanyo zikenewe cyane yageze mu murwa mukuru Bangui.

Amatoni 82 y'umuceri yagejejwe muri icyo gihugu ivuye mu gihugu cy'abaturanyi, Cameroun.

WFP yavuze ko mu kwezi kuri mbere yizeye kubasha kugeza imfashanyo ku baturage babarirwa mu 150 000.

Ariko haravugwaho ko abantu barenga miliyoni imwe muri Centreafrique bakeneye imfashanyo y'ibiribwa.

Imirwano muri icyo gihugu yatumye bigorana gucisha imfashanyo ku mihanda.

Hagati aho ministiri w'ingabo wo mu Bufaransa, Jean-Yves Le Drian, yageze muri Centreafrique, mu gihe hakomeje kuba ibikorwa by'amahanga byo guhagarika imvururu muri icyo gihugu.

Ingabo 1600 zo mu Bufaransa ziri muri Centreafrique aho zifatanyije n'izindi ngabo mpuzamahanga zibungabunga amahoro muri icyo gihugu.