Cancer igeramiye isi

  • 4 Ukwa kabiri 2014
indwara ya cancer
Benshi ntibazi ko hari ico bokora kugira birinde cancer

Cancer ishobora kumara abantu gusumba mu myaka iza nk'uko bigabishwa n'ishami rya ONU rijejwe amagara kw'isi OMS.

Abantu benshi ntibazi ko hari vyinshi bashobora gukora kugira bagabanye gushobora kuba borwara.

Kugabanya inzoga n'isukari biri mu biri mu bitegerezwa kwihwezwa nk'uko bivugwa na OMS.

Iryo shami rya ONU rivuga ko ubu hakenewe cane gushimikira kwirinda cancer mu kurwanya kunywa itabi, kuvyibuha birenze urugero no kunywa inzoga.

Ikigega gifasha ubushakashatsi ku ndwara ya cancer World Cancer Research Fund kivuga ko hari urugero ruteye akababaro rw'ingene abantu batazi uruhara rw'ivyo umuntu arya ku ndwara ya cancer.

Abantu miliyoni 14 baratorwa cancer buri mwaka ariko bashobora kuba bageze ku miliyoni 19 mu mwaka wa 2025,22 mu 2030 na 24 mu 2035.

Ahanini ibitigiri bizokwiyongera mu bihugu biri mu nzira y'amajambere.

Chris Wild, umuyobozi w'ikigo ca OMS ku ndwara ca cancer yabwiye:

''cancer iguma yiyongera kw'isi mu buryo bugaragara cane, ahanini kubera abantu bariko barasaza n'ukubera ukwiyongera abantu''.

''Turavye igiviro co kuvura cancer, kirenze urugero no bihugu aho abantu bafise uburyo bwinshi.

Kwirinda iyo ndwara birakenewe cane kandi gushika ubu bisa n'uko vyafashwe minenerwe''.

OMS ivuga ko mu nzira zo kwirinda cancer harimwo : indwara ziva ku kunywa itabi,inzoga, kuvyibuha birengeje, imishwarara iva ku zuba no mu vyuma vy'amaradiyo yo kwa muganga, guhumanya ikirere n'ibidukikije, kuvyara umuntu ku myaka myinshi, kuvyara abana bake hamwe no kutonsa.

Mu bihugu vyinshi, cancer y'ibere niyo ikunze gukarira abagore. Ariko cancer yo ku rwinjiriro rw'igitereko niyo iboneka cane mu bice vyinshi vya Africa.