Abarwana muri Sudani y'epfo batanako umwikomo

  • 26 Ukwa mbere 2014
Imirwano muri Sudani y'epfo
Imirwano muri Sudani y'epfo

Leta ya Sudani y'epfo hamwe n'abayirwanya babandanije kwagirizanya kurenga ku masezerano yo guhagarika imirwano yashizweko umukono kuwa Gatanu.

Umuvugizi w'abarwanya leta uno munsi yavuze ko abasirikare ba leta bateye ibirindiro vyabo mu bice vy'inshi.

Ibi vyiyamirijwe na leta, ica yagiriza abayirwanya kuba aribo bagavye ibitero.

Impande zombi zavuze ko zitizerana ku bijanye n'ubushobozi bw'umwe umwe bwo kugenzura ingabo ziwe.

Ibihumbi vy'abantu baramaze kugwa mu mirwano hagati y'igisirikare ca Sudani y'epfo n'abarwanyi bashigikiye uwahoze ari icegera c'umukuri w'igihugu, Riek Machar.