Misiri: Isabukuru y'amahinduka yizihijwe mu nduru

  • 25 Ukwa mbere 2014
Uruhagarara mu Misiri uno munsi
Uruhagarara mu Misiri uno munsi

Abigaragamvya benshi biyamiriza leta ya Misiri basize ubuzima mw'itana mu mitwe n'abajejwe umutekano, ku munsi bibuka imyaka itatu iheze Mubarak akuwe ku butegetsi.

Haturitse ibisasu bitatu uno munsi, igiheruka kikaba caturikiye hafi y'ibiro vy'abapolisi mu muji wa Suez.

Abigaragamvya badashigikiye leta, bagizwe ahanini n'abagira ku vyiyumviro vya Islam hamwe na bake bategamiye ku madini, babujijwe kwinjira mu kibanza ca Tahrir Square i Cairo.

Muri ico kibanza niho abashigikiye leta bashika ibihumbi bahuriye, baririmba ivyivugo bihayagiza umukuru w'igisirikare, General Abdul Fattah al-Sisi.