Urubanza ku rupfu rwa Rafik Hairi iLa Haye

Hariri

Rafik Hariri n'umwe mu bantu 22 baguye mu gitero c'igisasu catezwe mu modokari mu muji wa Beirut, mu mwaka wa 2005.

Abo bane, bose bafitanye isano n'umuhari Hezbollah, bariko baburanywa batahari.

Mw'ijambo ryiwe ryo gutanguza urubanza, umushikirizamanza yavuze ko abakoze ico gitero bari bafise kubahuka kurenze n'ubupfamutima.

Yongeye ko ko intumbero yabo kwari ugushaka guteza uruhagarara mu bantu.

Igitero cahitanye Rafik Hariri cavyuye indyane hagati y'imirwi y'amoko muri Libani bituma n'ingabo za Syria zari zihamaze imyaka irenga 30 zihava.

Hezbollah yahakanye uruhara mur'ico gitero.