Czech: Uhagarariye Palestina iPrague yapfuye

  • 1 Ukwa mbere 2014
Jamal Al-Jamal, yaserukira Palestina yiciwe iPrague

Jamal Al-Jamal yajanywe kwa muganga aho yakometse mu mutwe no mu gikaraza, ariko yaciye yitaba Imana.

Iyandikiro ry'amakuru ry'abafaransa AFP ryamenyesheje ko umushikiranganji wo kwivun'abansi wa leta y'abanye Palestina Riad Malki, yavuze ko ico kintu caturitse mu gihe yariko yugurura ububiko bita Coffre fort, bwari bumaze imyaka 30 butugururwa.

Ubwo bubiko bwaheruka kwimurwa buvanwa aho bwahora mu myaka yahera, bujanwa ahari ibiro bishasha vy'uhagarariye Palestina muri Republika ya Czech.

Umuryango wa Jamal wari imuhira igihe ico kintu camuhitanye caturika, ariko nta wundi yakomeretse.