Ibitero vya Volgograd vyoba bifitanye isano

Abajejwe iperereza bariko basuzuma ahaterewe bus iVolgograd 30/12/13

Abantu batari munsi ya 14 barahasize ubuzima igihe bus yari yuzuye abantu yaturitswa n'igisasdu mu gihe c'amasha yo mu gitondo abantu bariko bihutira ku kazi.

Ejo kuw'Imana, abantu 17 barishwe mu kindi gitero c'igisasu ku kibanza gitegererwamwo gari ya moshi hagati mu muji wa Volgograd.

Abajejwe iperereza bavuga ko hari ibimenyetso bigaragaza ko ivyo bitero bifitaniye isano.

Ibi bitero bitumye haba umwitwarariko w'umutekano wo mu gihe c'inkino za Olympic zo mu gihe c'imbeho, zimirije kubera mu kibanza ca Sochi muri Black Sea mu kwezi kwa kabiri.

Ariko umurwi mpuzamakungu ujejwe inkino za Olympic umenyesha ko udakekeranya ko Uburusiya bushobotra gucungera umutekano w'izo nkino.