BBC navigation

Muslim Brotherhood yiswe umugwi w'iterabwoba

Ibiherutse kuvugururwa: 25 ukwa cumi na kabiri, 2013 - 17:34 GMT
Abanywanyi ba Muslim Brotherhood mu myiyerekano

Abanywanyi ba Muslim Brotherhood mu myiyerekano

Leta mfatakibanza ya Misiri ishigikiwe n'igisirikare yise icese umugambwe Muslim Brotherhood, umugwi w'iterabwoba.

Iyo ngingo yamenyeshejwe n'icegera c'umushikiranganji wa mbere, Husam Muhammad Isa.

Leta yagirije uwo mugwi kuba ariwo wagavye igitero c'igisasu ku biro bikuru vy'abapolisi mu muji wa Mansoura, uri mu buraruko bwa Cairo, kikaba carahitanye abantu cumi na batatu.

Iyo ngingo kandi ivuga ko imyiyerekano yose ya Muslim Brotherhood ibujije, ngo kandi uwo wese azokwamamaza uwo mugwi azohanwa.

Umunyamakuru wa BBC ari i Cairo avuga ko naho Muslim Brotherhood yari yarahagaritswe imyaka myinshi, ngo iyi ngingo yo kuyita umugwi w'iterabwoba ni iyindi ntambwe kuko ubu imitungo yayo ishobora gufatirwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.