BBC navigation

Sudani y'epfo: Igisirikare catakaje umuji wa Bor

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa cumi na kabiri, 2013 - 12:22 GMT

Impunzi zo mu muji wa Bor

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abakora mu gisata co gucukura ibitoro mu buraruko bw'umuji wa Bentiu, basavye ubuhungiro ku cicaro caryo.

Igisirikare kiremera ko catakaje umuji wa Bor muri Jonglei, inyuma y'intambara zikomeye.

Indyane zatanguriye mu murwa mukuru Juba, zimaze guhitana abantu 500; kandi hari icoba ko abanyagihugu basanzwe gusubiranamwo.

Hari umurwi w'intumwa z'abanyafrika bateganya gufata urugendo baja Juba kur'uno mughoroba, kugira barabe ko bokumvikanisha impande zihanganye zikaganira.

Perezida Salva Kiir yagiriza bwana Machar ko yashatse gutembagaza ubutegetsi, ariko we arabihakana.

Bwana Kiir avuga ko yiteguriye kuganira na bwana Machar.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.