Indyane zirakomeje muri Sudani y'epfo

  • 17 Ukw’icumi na kabiri 2013
Sudani

Hilde Johnson, ahagarariye ONU muri Sudani y'epfo, yavuze ko abanyagihugu bagera ku bihumbi icumi bahungiye mu kigo c'ishirahamwe mpuzamakungu muri Juba.

Gutana mu mitwe kwatanguye ku munsi w'Imana, hagati y'imirwi mikeba y'abasirikare, mu ntambara leta yise ko yar'ifise intumbero yo gutembagaza ubutegetsi.

Leta yagirije ingabo ziyoboka uwahoze ar'umushikiranganji wa mbere Reik Mashar.

Umwe mu bategetsi bo muri leta avuga ko abantu bagera ku 26 bamaze kuhasiga ubuzima.

Ariko umuganga wo ku bitaro vya gisirikare yabwiye yarido y'ishirahamwe ONU ko abasirkare 66 bapfuye, n'ubwo ico giharuro kitaremezwa n'abutegetsi.