Obama yavuze ku bwishingizi mu magara y'abantu

  • 14 Ukw’icumi na rimwe 2013
Perezida Barack Obama

Bwana Obama yavuze ko abatanze ubwo bwishingizi bakwiye kongera ikiringo abo bafitanye amasezerano, yategerezwa mu bisanzwe kuba yarahagaritswe.

Perezida Obama yemeye ko ubutegetsi bwiwe butatunganije neza ibijanye no gutanguza wo mugambi, bataziriye Obamacare, aho yavuze ko azokongera akagarurira icizere abanyagihgu kur'uwo mugambi.

Muri izi ndwi ziheze, amashirahamwe y'ubwishingizi yarungikiye ubutumwa abanywanyi bayo, ababwira ko agiye guhagarika amasezerano bafitanye, mu gihe adashoboye kurihwa.