Misiri: Umukinnyi yahagaritswe kubera Morsi

  • 12 Ukw’icumi na rimwe 2013
Ahmed Abdel Zaher

Umwe mu mirwi ikomeye y'umupira w'amaguru mu Misiri Al Ahly, wabujije umwe mu bakinnyi bawo kujya mu mikino mpuzamahanga mu kwezi gutaha, kuko yerekanye ko ashyigikiye uwahoze ayobora Misiri, Mohammed Morsi.

Umusatirizi rurangiranwa , Ahmed Abdel Zaher, ejo yakoresheje indamutso yerekana intoki ennye, igihe yatsinda igitego cyahaye intsinzi umurwi we mu gikombe cy' Afrika cy' imirwi yabaye iya mbere iwayo.

Iyo ndamutso yo kuzamura intoke ennye, izwi nk'ikimenyetso cyo gushigikira bwana Morsi.

Umushikiranganji w' imikino Taher Abu Zaid, yayigereranije n' igitutsi gikomeye, aho yari yavuze ko yizeye ko itazagenda idahanywe.