BBC navigation

Ubushinwa buriga amahinduka mu butunzi

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa cumi na rimwe, 2013 - 07:28 GMT

Ibirori vy'abasirikare imbere y'inyubakwa buca iberamwo inama ihambaye 08/11/2013

Mu minsi ine abagize komite nkuru y'umugambwe bagiye kumara mur'iyo nama, bazoganira ku gushimikira mu gihugu hagati mu gutez'imbere ubutunzi bwabo, aho gushorera amasoko yo hanze.

Bazoraba n'ibikwiye guhinduka ku bijanye n'amatongo hamwe n'amafaranga.

Kugira ntihagire abashira hanze ibiri mu vyihwezwa, abari mur'iyo nama izwi kw'izina rya "Third Plenium", bugaraniwe mu kibanza bakoreramwo iyo nama kushika izohere.

Ivyo baganiriye bizoshirwa ahabona ar'uko iheze.


Hari mu nama nk'iyo igihe Deng Xiaoping yashira ico gihugu mu nzira y'ubutunzi bufatiye ku masoko.

Ariko abanyamakuru bavuga ko inyungu zo mu mugambwe zishobora gutambamira ingingo zikomeye z'amahinduka zofatwa nk'uko vyabaye ico gihe

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.