Ibisasu byaturikiye Mogadishu

  • 8 Ukw’icumi na rimwe 2013
Somalia
Ibisasu byaturikiye muri hoteli muri Mogadishu

Hari ibintu byaturikiye muri hoteli yubatse iruhande rw'umuhanda ukomeye mu murwa mukuru wa Somalia, Mogadishu.

Amakuru aturukurayo aravuga ko imbere muri iyo hoteli habanje guturikira ikintu kigakurikirwa n'ibiturika mu modoka yari yatezwemo ibisasu hanze yayo.

Iyo hoteli iri ku muhanda wa Maka al Mukarama, ahantu hasanzwe ubundi hari umutekano kurusha ahandi.

Umutwe ugendera ku matwara akaze y'idini ya Islamu wa al-Shabaab wavuye mu mujyi wa Mogadishu hashize imyaka ibiri, ariko rero ukunda kuhagaba ibitero by'abiyahuzi n'ibindi bitero.