BBC navigation

Syria: Igisasu cahitanye 30 muri Hama

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa cumi, 2013 - 16:17 GMT

Aho igisasu caturikiye muri Syria 20/10/2013

Amakuru atangwa n'ikigo c'itangazamakuru ca leta Sana, yemeza ko abarwanya leta ya Syria aribo bagavye ico gitero.

Ico kinyamakuru kivuga ko bazanye ikamyo yari yuzuye ibisasu birenza ibiro igihumbi mu kibanza kirimwo uruja n'uruza rw'abantu rwinshi.

Ivyo bisasu vyaturitse bitandukira ikamyo y'ibitoro yari hafi, bituma abapfuye n'ivyononekaye vyongerekana.

Umuhari "Syrian Observatory for Human Rights" ufise icicaro mu Bwongereza, wemeza ko umutwe wa Al-Nusra ucuditse na Al-Qaeda ariwo wagavye ico gitero.

Uwo muhari uvuga ko intumbero y'ico gitero kwari kwica abasirikare ba Leta, ariko abahasize ubuzima benshi bari abanyagihugu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.