Abasirikare ba Syria bahitanywe n'igisasu

  • 19 Ukw’icumi 2013
Ikarata ya Syria

Ico gisasu catezwe ku kirindiro kiri hafi y'agace karwiriyemwo abakirisu ka Jaramana, nk'uko bitangazwa n'ishirahamwe rikurikirana iyubahirizwa ry' agateka ka zina muntu muri Syria.

Ibinyamakuru vya leta vyagiriza ico gitero abo vyita abakora iterabwoba, ariko nta vyinshi vyatangaje.

Hagat'aho Leta zunze Ubumwe za Amerika zateye akamo leta ya Syria ngo irekurire abatanga infashanyo bagere ku bantu bariko baricwa n'inzara mu muji wa Damasiko.

Ubutegetsi bwa Amerika buvuga ko mu gihe c'ukwezi igisirikare kimaze kigenzura umuji wa Damasiko, catumye abanyagihugu bari mu turere twifatiwe n'abakirwanya, badashobora gushikirwa n'infashanyo, amazi n'imiti.