BBC navigation

Somalia:Igisasu cahitanye 16 iBeledweyne

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa cumi, 2013 - 14:18 GMT

Abarwanyi ba Al-Shabaab

Umutwe wa Al-Shabaab watangaje ko ariwo wagavye ico gitero, aho ngo wari ufise intumbero yo kwica abasirikare ba Ethiopia na Djibouti.

Ingabo za leta ya Somalia, zishigikiwe n'izo ibindi bihugu bitari bike vyo muri Afrika, ziriko zirwanya umutwe wa Al-Shabaab ushaka kwifatira uturere tw'ico gihgu.

Ico gisasu caturikiye mu kibanza co kwivuniramwo umusase gikunda kugenderwa n'abasirikare, ku birometero 300 uja mu buraruko bwa Mogadishiu, hafi y'urubibe na Ethiopia.

Umuvugizi wa Al-Shabaab ajejwe ibikorwa vya gisirikare, Sheikh Abdiasis Abu Musab, yabwiye BBC ko intumbero yabo kwari ukwica abasirikare ba Ethiopia na Djibouti.

Ariko ababonye ico gitero, harimwo n'umushingamateka wo muri Beledweyne, Dahir Amin Jessow, babwiye BBC ko abenshi mu bahasize ubuzima ari abanyagihugu basanzwe.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.