Syria: Bamwe mu ba Islam bemerewe kurya ibikoko bidasanzwe

  • 15 Ukw’icumi 2013
Intambara iragisibije muri Syria
Intambara iragisibije muri Syria

Umugwi w'abigisha ba Islam muri Syria wasohoye itegeko, Fatwa, ryemerera aba Islam baba mu bice bishegeshwe n'intambara i Damas, kurya ibikoko nk'inyabu, imbwa n'indogobe.

Babarekuriye kurya ivyo bikoko kugira ntibicwe n'inzara mu gihe intambara igisibije muri Syria.

Mw'i video yacishijwe kuri internet, abo bigisha bavuze ko batabaje isi yose ngo ifashe kuko ibintu vyayangeye mu buraruko bw'umurwa mukuru wa Syria, kubera imirwano hagati ya leta n'abitwaje ibirwanisho.

Bagabishije ko mu gihe ibintu vyobandanya kumera nabi, abantu bakiri bazima bazohava batangura kurya abapfuye.