BBC navigation

Therence Sinunguruza yatanze imihoho

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa cumi, 2013 - 15:13 GMT
Ibendera ry'u Burundi

Ibendera ry'u Burundi

Mu Burundi, icegera c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza yatanze imihoho nk’uko yari amaze iminsi abisabwa n’umugambwe Uprona akomokamwo.

Therence Sinunguruza yari amaze imyaka itatu muri ayo mabanga, abategetsi b’umugambwe akomokamwo bakaba bamwagiriza gushira imbere inyungu ziwe gusumba izo umugambwe ngo kandi akaba yari intambamyi mu gusubira kwunga umugambwe.

Mw’itangazo ryasomwe n’umuvugizi wiwe, Therence Sinunguruza yahora ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, yamenyesheje ko atanze imihoho muri ayo mabanga, ashimira abo bakoranye bose ahereye ku mukuru w’igihugu.

Yamenyesheje kandi ko azobandanya akorera umugambwe Uprona.

Abarongoye uwo mugambwe bari baherutse kumenyesha umukuru w’igihugu ko batacizeye uwo bashize imbere ngo abaserukire mu nzego, bamwagiriza kudashira imbere inyungu z'umugambwe aturukamwo.

Bamwagiriza kandi kutaryogora ku bibazo bikuru bikuru vyagiye biravugwa muri iyi misi iheze, hamwe rero ngo no kubangamira utwigoro two gusubiza hamwe abanywanyi ba Uprona bari basigaye batavuga rumwe.

Ukutumvikana ku gutanga imihoho

Hari haheze indwi irenga hari zuguruzuguru hagati y’abashigikiye Therence Sinunguruza n’inzego nkuru z’umugambwe, aho bamwe bavuga ko abasavye ko akinjura ata bubasha babifitiye.

Abandi nabo bavuga ko ata tegeko na rimwe barenze kandi noneho ko bamuhinduriye amabanga, ivyo navyo ngo ni ibisanzwe kuko ngo adakuwe mu mugambwe.

Kuri uyu wa mbere, ibiro vy’umukuru w’igihugu vyari vyateye akamo uwo yahora ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ngo yibwirize akure meza, canke naho sebarundi ngo yifatire ingingo zikenewe zijanye n’inyungu z’igihugu.

Ku bashigikiye Therence Sinunguruza, ikibazo nticari ico kumukura mu mabanga yiwe, ikibazo kwari kumukura mu gateka.

Mu kiringo ca mbere cintwaro ya Prezida Pierre Nkurunziza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu nawe nyene yakomoka mu mugambwe Uprona, Martino Nduwimana, yarasabwe gutanga imihoho aranana, Abadasigana baracanamwo gushika aho baseseranira n’agatabi.

Bitegekanijwe ko umugambwe Uprona ushikiriza umukuru w’igihugu amazina 3 y’Abatutsi kugira atoremwo ikindi cegera ciwe.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.