Agashimwe Nobel k'amahoro kahawe OPCW

  • 11 Ukw’icumi 2013
Uwurongoye umugwi Nobel, Thorbjon Jabland, atangaza uwatsinze
Uwurongoye umugwi Nobel, Thorbjon Jabland, atangaza uwatsinze

Agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel k'uno mwaka kahawe ishirahamwe ribuza ibirwanisho vy'ubumara, OPCW, riri mu kigorwa co kubisambura muri Syria.

Aho yatangaza uwatsindiye ako gashimwe ku murwa mukuru wa Norvege, Oslo, umukuru w'umugwi ujejwe udushimwe twa Nobel, Thorbjon Jabland, yakeje OPCW kubera ibikorwa vyayo ntangere vyo kurandurana n'imizi ibirwanisho vy'ubumara.

Umuyobozi mukuru w'iryo shirahamwe, Ahmet Uzumcu, nawe yavuze ko igitero c'ibirwanisho vy'ubumara giheruka muri Syria, ari icibutsi c'uko impinga ikiri ndende.

Yavuze ko ishirahamwe arongoye ririko rirakora ibishoboka vyose ngo ibintu nk'ivyo ntibize bisubire, anavuga ko yizera ko akazi kabo kazoterera mu kugarukana amahoro muri Syria muri rusange.