BBC navigation

ONU yemeje itegeko kuri Syria

Ibiherutse kuvugururwa: 28 ukwa cyenda, 2013 - 09:35 GMT
Inama y'umutekano ya ONU itora kuri Syria

Inama y'umutekano ya ONU itora kuri Syria

Inama y'umutekano y'umuryango mpuzamakungu ONU yemeje ku bwinshi atawuvuyemwo ingingo yo gusambura ibirwanisho vy'ubumara vya Syria.

Mu nama i New York, abagize akanama k'umutekano bose uko ari 15 bashigikiye integuro yari yumvikanyweko n'Uburusiya na Amerika.

Aya masezerano aheraheje imyaka ibiri n'igice y'ukutavuga rumwe muri ONU ku kibazo ca Syria, aho imirwano hagati ya leta n'abitwaje ibirwanisho yahoneje inganda.

Itora ryabaye nyuma y'aho ikigo mpuzamakungu gikumira ibirwanisho vy'ubumara, cemereye umugambi w'uko umwaka w'2014 woshika hagati ibirwanisho vya Syria vyasambuwe.

Aho yafata ijambo nyuma y'amatora, umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-moon, yavuze ko ari ibintu bigiye mu mateka, ngo amakungu yakoze ico ajejwe.

Ibirwanisho vy'ubumara vyarakoreshejwe muri Syria mu kwezi kw'umunani, bihitana abanyagihugu amajana.

Amerika yemeje ko ari leta ya Bashar al Assad yakoresheje ivyo birwanisho, ariko Syria n'Uburusiya buyishigikiye bikabihakana, bikavuga ahubwo ko ari abarwanya leta babikoresheje.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.