Kenya: Interpol irondera Smantha Lewthwaite

  • 26 Ukw’icenda 2013
Samantha Lewthwaite
Samantha Lewthwaite

Igipolisi mpuzamakungu, Interpol, casohoye umutahe wo gufata Umwongerezakazi Samantha Lewthwaite, bisabwe na Kenya.

Interpol ivuga ko Kenya irondera uwo mugore imwagiriza kuba yari afise ibisasu hamwe no gutegura umugambi wo gutera kuva mu 2011.

Uwo mugore Lewthwaite yinjiye idini rya Islam, akaba yarubakanye n'umwiyahuzi yaturikije igisasu mu muji wa London mu 2005.

Haranabonetse amakuru yavuga ko uwo mugore yari mu barwanyi bateye isoko rya Westgate i Nairobi mu ntango z'indwi iheze, ariko ayo makuru ntarashobora kwemangwa.