Kenya: Abajejwe umutekano bavuga ko basubiranye Westgate yose

  • 24 Ukw’icenda 2013
Ingabo za Kenya
Ingabo za Kenya ziri gukuzako mu kubohoza Wesgate

Inzego zijejwe umutekano za Kenya ziraca mu duce twose twa Westgate ubwo zigerageza ku munsi ugira kane kugarura umutekano muri ico kibanza.

Humvikanye ikintu caturitse aho muri Westgate hamwe n'amasasu mu gitondo c'uyu wa kabiri, ariko mu nyuma hari umupolisi yavuze ko 'igikorwa carangiye'.

Nibura abantu 62 barishwe abantu 170 barakomereka.

Hagati aho ministre wa Kenya ajejwe imigenderanire n'amakungu yavuze ko ''babiri canke batatu' b'Abanyamerika n'Umwongereza bari mu bateye.

Mu kiganiro yahaye television y'Abanyamerika PBS Newshour,Amina Mohamed yavuze ko Abanyamerika bafise imyaka 18 canke 19 , bafise amamuko ya Somalia canke Abarabu, bakaba baba Minesota n'ahandi hantu.

Yavuze ko uwo mwongereza yari amaze gukora nk'ivyo kanshi muri kahise.

Madame Mohamed yabaye nk'uwubeshuza ivyari vyashikirijwe na ministre ajejwe intwaro yo hagati yari yavuze ko abateye bose bari abagabo , n'ubwo bamwe bari bambaye nk'abagore.