Syria irigina umwumvikano ku birwanisho vyayo

  • 15 Ukw’icenda 2013
Umushikiranganji Ali Haidar, ajejwe gusubiza hamwe

Mu mwumvikano kw'ingenzura ry'ibirwanisho vya Syria biteganijwe ko Syria iba yamaze kumenyesha aho ibirwanisho vyose vyayo biri mu kiringo kitarenze indwi.

Ibirwanisho vy'uburozi birimwo bizoheza bice bisamburwa, bitarenze hagati mu mwaka uza.

Syria nitavyubahiriza, uwo mwumvikano ushobora kubahirizwa hisunzwe ingingo y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, harimwo no gukoresha inguvu mu gihe ubundi buryo buzoba bwananiranye.

Syria iherutse kwemera amasezerano mpuzamakungu ku bijanye n'ibirwanisho vy'uburozi, ONU ikamenyesha ko ico gihugu kizotangura guharurwa mu biyubahiriza kuva kuwa 14 /10/2013.

Umwumvikano ku buryo ibirwanisho vya Syria bizogenzurwa washitsweko inyuma y'iminsi itatu y'ibiganiro hagati y'abanyamerika n'abarusiya iGeneve.

Umushikiranganji wa Syria ajejwe gusubiza hamwe Ali Haidar yabwiye iyandikiro ry'amakuru ry'abarusiya Ria Novosti ko Syria yakiriye neza uwo mwumvikano.

Avuga ko uzofasha Syria kuva mu kibazo irimwo, kandi ukayirinda intambara kuko abashaka kuyitera ngo batagifise urwitwazo.

Bwana Haidar avuga ko ari intsinzi baronse bakesha umukunzi wabo ariwo Uburusiya.