Leta ya Philippines ihanganye n'abarwanyi

  • 14 Ukw’icenda 2013
Abasirikare ba Philippines

Umukuru wa Philippines Beningo Aquino, n'icegera ciwe bagiye bompi mu muji wa Zamboanga, kuraba ko intambara zihamaze indwi zorangira.

Uturere two mur'uwo muji twari twigaruriwe n'umutwe wa 'Moro National Liberation Front', umaze gufata ingwati abantu batari bake.

Intambara zahabereye zahitanye abantu bagera ku 50.

Uwo mutwe wegamiye umwe mu mirwi myinshi, imaze imyaka iharurwa mu mirongo irwanya ubutegetsi bw'igihugu.