Somalia: hishwe abanyabulaya 2 bagwanira Islam

  • 12 Ukw’icenda 2013
al Amriki
al Amriki yari azwi kuba akunda guvuza indirimbo z'abagwanyi ba Islam yaca ashira kuri You Tube

Abantu babiri bagwanira ivyiyumviro vya Islam baturuka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'Ubwongereza biciwe muri Somalia bamaze kutumvikana na al-Shabab , nk'uko ababibonye babibwiye BBC.

Omar Hammami, azwi nka al-Amriki, na Osama al-Britani, umwenegihugu w'uwongereza yamuka muri Pakistan, bivugwa ko bishwe mu gitero ca kare mu gitondo mu kigwati kiri mu bumanuko bushira uburengero bw'umurwa mukuru , Mogadishu.

Bari bagize igihe binyegeje al-Shabab kuva bavuye muri uwo mugwi uyu mwaka.

Muri kahise vyari bimaze kuvugwa kenshi ko al-Amriki.

Mu kwezi kwa gatatu, ministre y'imigenderanire ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika zari zatanze milioni 5 z'ama dollars($5 million) z'agashimwe ku wotanga inkuru yotuma Al-Amriki afatwa agashirwa imbere y'ubutungane.