BBC navigation

France: integuro ikomeye kuri Syria imbere ya ONU

Ibiherutse kuvugururwa: 10 ukwa cyenda, 2013 - 14:48 GMT
Luarent Fabius

''Twafashe ingingo yo kugira ico dushikiriza'

Ubufaransa buraja gushikiriza inama ya ONU ijejwe umutekano integuro y'ingingo yotegeka gushira mu minwe y'ubugenduzi mpuzamakungu ibigwanisho vy'uburozi vya Syria kugira bisamburwe nk'uko bivugwa na ministre ajejwe imigenderanire Laurent Fabius.

Yavuze ko iyo ngingo yotegekanya ingaruka zikomeye cane hamwe yoyirengako.

Hoca haba gusaba ko hoba igenzurwa rikwiye ry'ibigwanisho vyose vy'uburozi. Uburusiya nabwo nyene burafise umugambi w'ugushira ibigwanisho vy'uburozi vya Syria mu bugenduzi mpuzamakungu.

Hagati aho ku rubuga muri Syria intanbara ibandanya kubica bigacika.

Abafaransa n'Abanyamerika bafise amakenga ko hashobora kuba umukino nk'uwakayabu n'imbeba nko muri Irak ariko biteguriye guha amahirwe integuro y'Abarusiya

Ico abafaransa bashaka kwirinda n'uko iyo nteguro yoba gusa nk'amayeri yo gutevya ibintu, ari naco gituma inziza zose harimwo n'ugushobora kugaba ibitero vya gusirikare , ziguma zuguruye, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC mu Bufaransa Christian Fraser.

Urwego rw'iperereza rwa Amerika CIA rwibaza ko ibigwanisho vy'uburozi vya Syria bishobora guterwa n'indege, misile canke ibisasu binini binini. Rwibaza ko Syria ifise gaz z'ubumara z mustard na sarin kandi ko yagerageje gukora ubundi bumara bukaze kurusha bwa gaz ya VX.

Nta vyinshi biramenyekana ku mugambi w'Uburusiya ariko ministre w'imigenderanire Sergei Lavrov avuga atari umugambi w'Abarusiya gusa..., wavuye mu biganiro bagiraniye n'Abanyamerika''.

Prezida wa Amerika Barack Obama yavuze ko umugambi w'Uburisiya ushobora kuvamwo ikintu ciza n'ubwo yemeza ko agumana amakenga.

Ku wa mbere ministre wa Amerika ajejwe imigenderanire John Kerry yavuze ko kutagira igikozwe kuri Syria vyogira ingaruka mbi cane kuruta ko hagira icokorwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.