Kenya: Ruto yahakanye ivyaha yagirizwa na ICC

  • 10 Ukw’icenda 2013
William Ruto
Icegera c'umukuru wa Kenya William Ruto arahakana ivyaha bikorewe zina muntu

Icegera c'mukuru wa Kenya,William Ruto,yarashinze umugwi w'abantu bitwaje ibigwanisho imbere y'amatora yo mu 2007 ''kugira ushoze intambara yo kumugwanira',nk'uko vyashikirijwe n'umushikirizamanza mu rubanza rwiwe.

William Ruto yahakanye ivyaha bikorewe kiremwa muntu ubwo urubanza rwiwe rwatangura kuri uyu wa kabiri kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha ikorera Lahaye.

Ruto--yagirizwa kuba yarakokeje ubwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2007--yarengutse imbere ya sentare ari kumwe n'uwo bagirizwa hamwe, umumenyeshamakuru Joshura arap Sang.

Umushikirizamanza mukuru,Fatou Bensouda, yavuze ko Ruto ari umunyepolitike akomeye yateguye intureka kugira ashikire ubutegetsi bwa politike yari anyotewe.

Ruto yakurikiranye yongera aratwenga igihe yariko arasomerwa ivyo aregwa akaba yagumye ahakana akabi ku caha kimwe kimwe cose kuri bitatu yagirijwe birimwo kwica, gutoteza hamwe no kwimura abantu ku nguvu.

Umushiskirizamanza mukuru Fatou Bensouda yavuze ko Ruto yari yateguye intureka mu kiringo c'amezi 8 imbere y'uko haba amatira yo mu 2007, akaba yifashijije ukuraba nabi kwari kuhasanzwe hagati y'ubwoko bwiwe bw'aba Kalenjin n'ubwa aba Kikuyu bwa Kenyatta.

Uwunganira Ruto mu kuburana.Karim Khan,yavuze ko urubanza rwashingishijwe n'umushikirizamanza 'bigaragara ko ari irementenya ry'ibinyoma'

Prezida Uhuru Kenyatta --nawe yagirizwa ivyaha nk'ivyo--nawe arindiriye kwitaba urubanmza mu kwezi kwa 11.

Inama nshingamateka muri Kenya ku ndwi iheze yaremeje ingingo yo gutangura inzira yo kuva muri iyo sentare n'ubwo ivyo ataco bizohindura ku manza zisanzwe ziriko ziraba.