BBC navigation

Leta ya Syria'yagavye igitero c'uburozi'

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa cyenda, 2013 - 18:50 GMT

Ministre wa mbere w'Ubufaransa avuga ko ata wundi yari gutegeka ko hakoreshwa ibigwanisho vy'uburozi atari leta ya Syria

Ubufaransa bwemeza ko igitero c'ibigwanisho vy'umurama mu nknegera za Damas mu kwezi guheze 'ata wundi yari gutegeka ko kiba atari leta ya Syria'.

Mu cegeranyo ministre wa mbere w'Ubufaransa Jean-Marc Ayrault yameje ko igitero co ku wa 21 ukwezi kw'umunani ko cakor4eshejwemwo uburozi bwinshi. Ico cegeranyo kivuga ko abantu 281 bashobora kuba barapfuye kubera ubwo burozi. Ubufaransa na Leta Zunze Ubumwe za Amerika biriko birarondera ko hoba ibitero vyo guhana leta ya Syria mu gihe abashingamateka b'Ubwongereza bo bavyanse.

Avugana n'umunyamakuru wa BBC, Jermy Bowen, icegera ca ministre wa mbere wa Syria Faisal Mekdad yavuze ko iterabwoba rizoca rikwira hose hamwe Leta Zunze Ubumwe za Amerika zotera Syria.

Syria yemeza ko igitero icarico cose ca Amerika coza gishigikira al-Qaeda n'abo bakorana.

Uwo mutegetsi wo muri leta ya Syria yanabwiye BBC kandi ko imigwi yitwaje ibigwanisho ishigikiwe na Amerika-atari ingabo za Syria-yakoresheje ibigwanisho vy'uburozi.

Amerika yemeza ko ifise ivyemeza ko leta ya Syria yakoresheje uburozi bwitwa sarin mu gitero camaze abantu mu kwezi kw'umunani.

Prezida Obama yararahiye ararengwa ko hategerezwa kuba igikorwa co guhana leta ya Syria ariko ahaka ko inama nshingamateka ibanza gutora kuri ico kibazo.

Ico gitero kivugwa cabaye ku wa 21 ukw'umunani mu nkengera za Damas. Amerika yemeza ko hapfuye abantu barenga 1.400 harimwo abana 426.

Leta y'ubufaransa nayo kuri uyu wa mbere irashikiriza inama nshingamateka ivyo nayo ivuga ko ari ivyenmeza ko habaye igitero c'uburozi.

Abantu baguma baba benshi basaba umukuru w'Ubufaransa Francois Hollande gusaba inama nshingamateka gutora ingingo yo kumuha uruhsusha rwo gutera Syria nk'uko vyabaye mu Bwongereza kandi bigiye kuzoba muri Amerika.

Inama nshingamateka y'ububaransa izoharira ico kibazo ku wa gatatu.

Intambara yo muri Syria hagati ya leta n'imigwi yitwaja ibigwnaisho imaze imyaka ibiri ikaba imaze guhitanma abantu barenga ibihumbi 100 abarenga milioni imwe n'ibihumbi amajana indwi nabo ubu bakaba ari impunzi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.