BBC navigation

Nick Clegg: ikibazo ca Syria ntikizosubira imbere y'abashingamateka

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa cyenda, 2013 - 15:53 GMT
Nick Clegg

Nick Clegg avuga ko atibaza ko hari ikizotuma basubiza ikibazo ca Syria mu nama nshingamateka

Icegera ca ministre wa mbere w'Ubwongereza Nick Clegg avuga ko atibaza ko hazogira icotuma basubira mu nama nshingamateka kuyisaba ko yosubira gutora ku kibazo c'icokorwa kuri Syria.

Nick Clegg yavuze ashimitse ko leta itazosubira imbere y'inama nshingamateka kuri ico kibazo.

Imbere y'aho umukuru w'igisagara ca Londres Boris Johnson yari yavuze ko ico kibazo gishobora gusubira kwigwa hamwe hobeneka ivyemezo bifadika kurusha ku bitero vy'ibigwanisho vy'uburozi.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika nazo zabaye zirabangiriye ku bitero kuri leta ya Syria mu kurundira ko inama nshingamateka yiga ico kibazo.

Ministre wa Amerika ajejwe imigenderanire John Kerry ubu avuga ko ifise ivyemezo bigaragaza ko hakoreshejwe uburozi bwitwa sarin mu gitero camaze abantu mu nkengera z'igisagara ca Damas mu kwezi guheze.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.