Ubwongereza: Gutera Syria vyahagaritswe

  • 30 Ukw’umunani 2013
David Cameron mu nama nshingamateka
David Cameron mu nama nshingamateka

Abashingamateka mu Bwongereza batoye oya ku ngingo yo gutera Syria mu gihe ikekwa gukoresha ibirwanisho vy'ubumara ku banyagihugu.

Umushikiranganji wa mbere David Cameron yavuze ko azokwubahiriza ukwo gutsindwa, aho "oya" yaronse amajwi 285 kuri 272 ya "ego", aca avuga ko atazokwifatanya na Amerika mu bitero.

Amerika yavuze ko izobandanya kuvugana n'Ubwongereza kuri iyo ngingo, mu gihe arico gihugu bifitaniye ubucuti igihe kirekire.

Umukuru w'umugamwe Labour utavuga rumwe na leta, Ed Miliband, yavuze ko ubucuti hagati y'Ubwongereza na Amerika butagomba kuba gusa gukora ivyo umukuru wa Amerika ashaka.

Aho yavugana na BBC mu kiganiro Newsnight, umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi, Philip Hamond, yavuze ko leta ya Prezida Assad ica yumva igize agahengwe kubera iri tora ry'abashingamateka b'ubwongereza.

Ingingo yo gutera Syria yashikirijwe na Amerika hamwe n'ibindi bihugu bikomeye ku mugabane wa Buraya, nyuma y'igitero c'ibisasu bivugwa ko ari ivy'ubumara, mu nkengero z'umuji wa Damas muri Syria, haciye indwi irenga.

ONU yarungitse abahinga bo kwihweza nimba koko ivyo birwanisho vyarakoreshejwe, ariko ntibari bwaheze itohoza.

Ibihugu bishigikiye Syria, birimwo Ubushinwa n'Uburusiya, bivuga ko gufata ingingo iyo ariyo yose kuri Syria, bigomba gukurikira itohoza ry'abahinga ba ONU.

Ubufaransa ntiburava kw'izima

Umukuru w'Ubufaransa, Francois Hollande, yavuze ko itora ry'inama nshingamateka y'Ubwongereza mu kwanka kugaba ibitero muri Syria ngo ritazogira ico rihindura ku mugambi w'Ubufaransa wo gutera Syria.

Bwana Hollande yavuze ko agishigikiye guhana bimwe biboneka leta ya Syria kubera ibirwanisho vy'ubumara ngo yakoresheje ku banyagihugu bayo mu ndwi iheze.

Ariko Ubudage nabwo bwavuze ko budashobora kugira uruhara mu mugambi wo gutera Syria.