Ban Ki Moon asaba Kagame kwihangana

  • 30 Ukw’umunani 2013
Ban Ki Moon na Paul Kagame i Kigali mu kwezi kwa Gatanu
Ban Ki Moon na Paul Kagame i Kigali mu kwezi kwa Gatanu

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon, yavuganye n'umukuru w'igihugu w'u Rwanda, Paul Kagame, amusaba kwihangana mu gihe uruhagara rwiyongera ku rubibe na Kongo.

U Rwanda rwagirije Kongo gutera ibisasu ku butaka bwarwo, ruvuga ko Kongo yarenze umurongo utarengwa mu guhohotera ubuzima bw'Abanyarwanda.

Ibisasu vyarashwe biva muri Kongo bikagwa hafi y'urubibe mu Rwanda, vyakomerekeje umugore hamwe n'umwana wiwe w'amezi abibiri.

Kongo yahakanye ivuga ko atari yo yarashe ivyo bisasu, ivuga ahubwo ko vyarashwe n'abarwanyi ba M23 ihanganye nabo.

Abasirikare ba ONU bari mu karere bavuga ko babonye ibisasu biraswa mu Rwanda biva ku birindiro vya M23, ngo ariko nta bisasu babonye biraswa n'igisirikare ca Kongo.

Leta y'u Rwanda yaragaye cane amakungu ivuga ko ataco akora kugira atorere umuti ikibazo c'imirwano iri mu buseruko bwa Kongo.

Ibiduga vy'ingwano ku rubibe

Ibinyamakuru vyo mu Rwanda ejo vyanditse inkuru ziherekejwe n'amasanamu yerekana ibiduga vy'ingwano vy'igisirikare c'u Rwanda, biriko birerekeza ku rubibe rw'u Rwanda na Kongo.

Ariko gushika ubu, ntaco leta y'u Rwanda iravuga ku mpamvu ivyo biduga n'ibikoresho vya gisirikare biremereye vyarungitswe ku rubibe.

Hagati aho abarwanyi ba M23 bavuga ko bahagaritse imirwano banava ku birindiro bariko, kugira habe itohoza ku bitero vy'ibisasu mu gihugu c'u Rwanda.