Rwanda: Bamwe mu birukanwa na Tanzania baja mu Burundi

  • 27 Ukw’umunani 2013
Impunzi z'Abanyarwanda ziva muri Tanzania mu 1996
Impunzi z'Abanyarwanda ziva muri Tanzania mu 1996

Bamwe mu Banyarwanda baheruka kwirukanwa na Tanzania bahisemwo kuja mu Burundi hako boja iwabo mu Rwanda.

Buramatari w'intara ya Muyinga, mu buraruko bushira ubuseruko bw'u Burundi, Ildephonse Ntawunkunda, yabariye BBC ko muri komine Giteranyi Abanyarwanda bahashikiye, bakavuga ko bikunze boshima kuguma mu Burundi.

Buramatari Ntawunkunda ariko avuga ko abashikiye muri komine Murama, bavuga ko bashaka kubandanya mu Rwanda.

Abo bose ubu baciye bajanwa ku biro bikuru vy'intara kugira bidondore bamenye neza abo aribo, hanyuma bazoshikirizwe abajejwe intwaro mu Rwanda.

Ngo muri Komine Giteranyi hamaze gushika abashika cumi na bane, nayo muri komine murama ngo bashika cumi n'umunani.

Abajejwe intwaro ku rwego rw'u Burundi bariko baraganira na bagenzi babo b'u Rwanda kugira barabe ukuntu abo bantu botahukanwa.

Leta ya Tanzania iheruka gufata ingingo yo kwirukana abanyamahanga bose baba ku butaka bwa Tanzania badakwije ivyangombwa.

Abanyarwanda barenga ibihumbi bitandatu n'Abarundi barenga ibihumbi bine, baramaze kuva muri Tanzania, co kimwe n'inka nyinshi cane.