Obama na cameron baragabishije Syria

  • 25 Ukw’umunani 2013
Intambara ya Syria irakekwamwo ibirwanisho vy'uburozi

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron na perezida Barack Obama bamaze iminota 40 bavugana kuri telefone.

Bompi bari bahangayikishijwe n'ibimenyetso bikomeza kwiyongera, bigaragaza ko hari igitero gikomeye cakoreshejwemwo ibirwanisho vy'uburozi cakozwe n'ubutegetsi bwa Syria.

Ivyo bitangazwa n'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron.

Leta ya Syria yo irahakana ko ata ruhara ifise mur'ico gitero, igatunga agatoki abayirwanya.

Television ya leta ya Syria yatangaje ko ingabo zayo zatoye ibikoresho vy'uburozi mu myobo ikoreshwa n'abarwanya leta mu buseruko bwa Damasi.

Abateye kubiri n'ubutegetsi bagiriza ingabo za leta ko zishe abantu bari hagati y'amajana atanu n'igihumbi mu micungararo ya Damas mu gatondo ko ku munsi wa gatatu.

Bifuza ko abahinga ba ONU basanzwe bari Damasi gutohoza ku bindi bitero vyari vyaketswemwo ikoreshwa ry'ibirwanisho vy'uburozi, boshika no ngaho gutohoza.