BBC navigation

DRC: Abakozi b'abanyamahanga basabwe kwicunga

Ibiherutse kuvugururwa: 25 ukwa munani, 2013 - 07:46 GMT

Imyiyerekano mu muji wa Goma

Amajana y'abanyagihuguba baba muri Goma kuwa gatandatu bihereje amabarabara, inyuma y'igisasu caguye mu gace ka Ndosho, gihitana abantu batatu.

Amabutike yari yugaye, n'uruja n'uruza mu mabarabara rwagabanutse.

Abo banyagihugu bavuga amajambo yifatira mu gahanga urwego rw'ingabo z'ishirahamwe mpuzamakungu zagiyeyo kugarura umutekano MONUSCO.

Kuva ku munsi wa agatatu hatanguye intambara hagati y'umurwi M23 n'ingabo za leta zishigikiwe na MONUSCO, hatewe ibisasu vya muzinga bimaze guhitana abantu indwi.

Umuvugizi wa gisirikare wa MONUSCO lieutenant Colonel Prosper Basse avuga ko abakozi b'ishirahamwe mpuzamakungu basabwe kugabanya uruja n'uruza mu muji wa Goma.

UBushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu bw'Ubwongereza, bwasavye abakozi babwo kuva muri Goma.

Umushikiranganji ajejwe Afrika Mark Simmonds, mu butumwa yacishije kuri twitter, yaguze ko atewe umwitwarariko ukomeye n'amakuru y'ibisasu biterwa mu muji wa Goma, akavuga ko ari nkenerwa ko imishamirano icureha vuba.

Ibiganiro vyari vyatanguye Ikampala mu ntumbero yokumvikanisha leta ya Congo n'umurwi M23 ubu bisa n'ivyahagaze.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.